Uko wahagera

Igitero c'Umwiyahuzi Cahitanye Abashika 50 muri Afughanistani


Umugabo yakomeretse mu gitero c'umwiyahuzi atwawe ku bitaro i Kabul muri Afghanistan. Itariki 20/11/2018
Umugabo yakomeretse mu gitero c'umwiyahuzi atwawe ku bitaro i Kabul muri Afghanistan. Itariki 20/11/2018

Abategetsi ba Afghanistani bashikiriza ko abantu bashika 50 bishwe abandi 83 barakomereka mu gitero c’umwiyahuzi cabereye mw’ikoraniro ry’abanyedini ku murwa mukuru, Kabul.

Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Najib Danish yavuze ko uwo mwiyahuzi yiturikijeko igisasu aho abanyagihugu bariko bahimbaza umwaka w’amavuko y’intumwa Mohammad.

Umutegetsi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, Wahedullah Majroh yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abantu bashika kuri 24 batwawe mu bitaro baremvye cane.

Perezida Ashraf Ghani yaraneguye ico gitero, aca ategeka ko kuri uyu wa gatatu uba umusi igihugu kigandarira abapfuye, avuga ko ibendera rimanurwa gushika hagati muri Afughanistani no ku ma ambasade yaco mu makungu.

Ababonye ivyabaye bawiye ibimenyeshamakuru ko iyo nyubakwa yagabwemwo ico gitero yarimwo abantu baharurwa mu gihumbi, barimwo abategetsi b’idini.

Nta muhari n’umwe uremera ko ari wo wagikoze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG