Uko wahagera

Boko Haram Yarateye Ikambi 3 za Gisirikare Muri Nijeriya


Umuhari w’iterabwoba Boko Haram mu mpera z’indwi irangiye waragavye ibitero ku makambi atatu ya gisirikare mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, bituma haba amakenga ku mutekano mur’ico gihugu hasigaye amezi atatu ngo hatunganywe amatora y’umukuru w’igihugu.

Ku musi w’Imana abo barwanyi bateye ikambi y’i Metele, mu buraruko bushira ubuseruko bwa reta ya Borno, hafi y’urubibe na Nijeri.

Kuri uyo musi nyene, hatewe ikambi yo mu gisagara ca Gajiram, ku birometero 80 mu buraruko bw’igisagara ca Maiduguri, umurwa mukuru wa reta ya Borno.

Ku musi wa gatandatu, Boko Haram yateye iyindi kambi ya gisirikare mu gisagara ca Mainok.

Nta makuru y’abapfuye canke ivyononekaye biramenyekana, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi mu gisirikare ca Nijeriya atashimye ko izina ryiwe rimenyekana.

Abantu barenga ibihumbi 27 baramaze kwicwa muri iyo ntambara imaze imyaka icenda, yasize umuliyoni 1.8 w’abanyagihugu batagira aho bakika umusaya

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG