Uko wahagera

Batatu Bariciwe mu Rusengero mu Buhindi Batewe Gerenade


Abantu bakoraniye ahatewe gerenade i Nirankari Bhawan, ahiciwe abari gusenga hafi y'igisagara Amritsar, mu Buhindi, itariki 18/11/2018.
Abantu bakoraniye ahatewe gerenade i Nirankari Bhawan, ahiciwe abari gusenga hafi y'igisagara Amritsar, mu Buhindi, itariki 18/11/2018.

Igiporisi mu buraruko bushira uburengero bw’Ubuhindi kivuga ko abantu batatu bishwe abandi baharurwa hagati ya 15 na 20 barakomereka mu gitero cakozwe kuri uyu w’Imana ku nyubakwa yo gusengeramwo.

Abategetsi bavuga ko abantu babiri binjiye muri iyo nyubakwa iri ahitwa Amritsar babona gutera gerenade ku bayoboke b’ishengero ryitwa Nirankari.

Amakuru yashikirijwe n’ikimenyeshamakuru Hindustan Times, candikira muri ico gihugu c’Ubuhindi avuga ko abo bakekwa ubwo bwicanyi bari bafise inkoho imwe baca batangura gutera ubwoba abo bahasanze imbere yo kubatera gerenade.

Nta muntu canke umuhari n’umwe uriyitirira ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG