Uko wahagera

Nijeriya: Perezida Buhari Ariyamamariza Manda ya Kabiri


Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari, hugururwa inama y'abakuru b'ibihugu igira 30 y'ubumwe bw'Afrika i Addis Ababa, itariki 28/01/2018.
Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari, hugururwa inama y'abakuru b'ibihugu igira 30 y'ubumwe bw'Afrika i Addis Ababa, itariki 28/01/2018.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari ku musi w’Imana ejo yaratanguye kwiyamamariza iyindi manda ya kabiri y’imyaka ine, aho yashize imbere ko azorwanya ibiturire bikabije.

Abanyagihugu bazokwitabira amatora mu kwezi kwa kabiri itariki 16, imyaka ine izoba irangiye Buhari atsinze amatora yatumye aba umukuru w’igihugu wa mbere atavuga rumwe n’ubutegetsi yashoboye gustinda uyundi ari ku butegetsi.

Mu gutanguza imyiyamamazo ku murwa mukuru Abuja ejo kuw’Imana, yongeye kwemera ko azoharanira umutekano, ateze imbere ubutunzi kandi arwanye ibiturire.

Amategeko agenga amatora muri Nijeriya aha abiyamamaza imisi 90 kandi Buhari ni umwe mu bakandida 78 bava mu migambwe 91 yemewe n’amategeko izohiganirwa ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG