Uko wahagera

Amerika Izogabanya Abasirikare 700 muri Afrika


Umusirikare wa Reta zunze ubumwe z'Amerika mu gihe hugururwa ambasade y'Amerika i Mogadishu, Somaliya, itariki 10/12/1992
Umusirikare wa Reta zunze ubumwe z'Amerika mu gihe hugururwa ambasade y'Amerika i Mogadishu, Somaliya, itariki 10/12/1992

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe kwivuna abansi Jim Mattis ariko aragabanya abasirikare b’Amerika baharurwa mu majana bari muri Afrika kugira bakoreshwe mu ntambara zishobora kuzokwaduka muri kazoza n’ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, komanda Candice Tresch yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyi ngingo yerekeye abasirikare 700 bari mu bariko barwanya iterabwoba mu burengero bwa Afrika. Abo ni ibice 10 kw’ijana vy’abasirikare Amerika ifitiye ku mugabane w’Afrika.

Ibikorwa vya gisirikare mu bihugu nka Libiya, Somaliya na Djibouti bizobandanya uko bisanzwe, nta musirikare azokurwayo, nkuko yabandanije avuga.

Abajijwe nimba uko kugabanya abasirikare kutavuye ku basirikare bane ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bishwe mu kwezi kwa cumi 2017 muri Nijeri, umwe mu bategetsi ba gisirikare yavuze ko ata sano bifitanye.

Umushikiranganji Mattis yavuze ko kumvo z’umutekano wa Reta zunze ubumwe z’Amerika "Guhangana n’ibihugu rutura ari co Amerika ishira imbere, atari iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG