Uko wahagera

Theresa May Yoba Agiye Gutsinda ku Kibazo ca Brexit?


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May ashikiriza ijambo ku murwa mukuru Londres, itariki 14/11/2018.

Reta y’Ubwongereza yaremeje integuro y’itegeko ryemerera Ubwongereza kuva mu muryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya, ariko bisa n’uko Abongereza bamwe batanezerejwe n’ayo masezerano.

Abashikiranganji benshi bari ku ruhande rw’umushikiranganji wa mbere Theresa May baremeje iyo nteguro y’itegeko ku musi wa gatatu inyuma y’imisi itanu y’amanama Theresa May yavuze ko yabaye ingirakamaro.

May yasiguye avuga ko iyo ngingo ya reta yiwe ijanwa mu nama nshingamateka kuri uyu wa kane.

Iyo nama nshingamateka hamwe n’ibihugu 28 bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya bategerezwa kwemeza ayo masezerano.

Bamwe mu bashingamateka batavuga rumwe na reta bavuga ko bashigikiye itunganwa ry’iyindi referendumu mu kwongera kubaza abanyagihugu ko bagishigikiye ko Ubwongereza buva canke buguma muri uyo muryango.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG