Uko wahagera

Abantu 42 Baramaze Kwicwa n'Imiriro muri California


Abarwanya imiriro barabandanya kurwana na yo muri Simi Valley, California

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ibihumbi vy’abarwanya imiriro muri reta ya California bari ku rugamba bahangana n’imiriro mu buraruko hamwe no mu bumanuko mu bice bitandukanye vy’iyo reta. Abantu bashika 44 muri iyo reta baramaze kwicwa n’uyo miriro. Abandi benshi baratakaje amazu yabo.

Iyo miriro mu bumanuko bwa California yarasanganguye imihana nka yose iri hafi y’igisagara ca Los Angeles. Abanyagihugu bamwe bahunze bariko baragaruka kuraba ivyabo, muri bo harimwo ivyamamare mu miziki n’amareresi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Mu gihe iyo miriro imaze imisi itongora, ibihumbi vy’abayirwanya barabandanya guhangana nayo. Ubugaragwa hamwe n’imiyaga myinshi ni vyo vyafashije ko iyo miriro yamamara igasangangura ubutunzi bw’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG