Uko wahagera

Agahengwe Hagati ya Isirayeli na Hamas Gashobora Kutubahirizwa


Umwana w'umunyepalistina ari ibibomoke vy'inyubakwa ya televiziyo Al-Aqsa ya Hamas yasambuwe n'indege za Isirayeli ku wa mbere
Umwana w'umunyepalistina ari ibibomoke vy'inyubakwa ya televiziyo Al-Aqsa ya Hamas yasambuwe n'indege za Isirayeli ku wa mbere

Agahengwe ku guhagarika imishamirano mu ntara ya Gaza hagati ya Isirayeli hamwe n’umuhari Hamas kari kubahirijwe mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, ariko uguterana amajambo gukomeye hagati y’impande zose kwerekana ko bashobora kwongera kuba gutana mu mitwe umwanya uwo ariwo wose.

Ako gahengwe kafashijwemwo na Misiri inyuma y’imisi ibiri habaye intambara ikomeye mu ntara ya Gaza kuva mu mwaka wa 2014.

Abanyepalestina indwi, bagizwe n’abarwanyi, barishwe abandi barenga 20 barakomereka. Umusirikare wa Isirayeli nawe yarishwe muri uko kurasana n’umuhari Hamas.

Igisasu ca roketi catewe kiva muri Palestina cishe umunyagihugu umwe wa Isirayeli gikomeretsa abarenga 30. Isirayeli nayo ivuga ko ibisasu birenga 400 vyatewe muri Isirayeli bivuye muri Gaza, ijana muri vyo vyasamburiwe mu kirere bitarashika ku butaka.

Isirayeli cihoye mu gutera ibitero vy’indege vyasambuye inyubakwa za Hamas zikomeye harimwo ikigo kijejwe iperereza hamwe n’ikigo ca televiziyo.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG