Uko wahagera

RDC: Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi Basubiranyemwo Kuri Kandidatire ya Martin Fayulu


Kandida Martin Fayulu yemejwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri RDC
Kandida Martin Fayulu yemejwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri RDC

Félix Tshisekedi na Vital Kamerhe, babiri mu barongoye imwe mu migambwe itavuga rumwe na reta muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bari bateye umukono ku musi w’Imana ku rwandiko i Geneve rwemeza kandidatire ya Martin Fayulu nk’umukandi umwe azobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu bivuguruje.

Umukuru w’umugambwe UDPS (Union pour la démocratie et le progrès social), Félix Tshisekedi, yatangaje ejo kuwa mbere ko asokoye muri ayo masezerano yateyeko umukono kuw’Imana hamwe n’abandi bagenzi we batandatu bakomeye mu batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ku ruhande rwiwe, Vital Kamerhe wo mu mugambwe Union pour la nation, nawe yashikirije ko habaye amahinyu muri bagenzi we batavuga rumwe na reta kandi habaye guca kubiri n’ayo masezerano bemeranije.

Nawe Martin Fayulu yemejwe guserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi avuga ko yizeye ko abandi basigaye mu bateye umukono kuri ayo masezerano bazoguma biyunze mu runani kandi bazomushigikira mu gihe hasigaye imisi 10 ngo imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka itangure.

Amatora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka wa 2018.

Aya makuru tuyakesha igisata c'Igifaransa kw'Ijwi ry'Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG