Uko wahagera

Amerika Iribuka Intwari Zarwaniye Igihugu

Umusirikare wa Reta zunze ubumwe ariko arashira amabendera ku mva z'abasirikare bapfiriye ku rugamba. Arlington, Virginia, 2018
Umusirikare wa Reta zunze ubumwe ariko arashira amabendera ku mva z'abasirikare bapfiriye ku rugamba. Arlington, Virginia, 2018

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu w’Imana haributswe umusi wiswe Veterans Days mu congereza, aho igihugu buri mwaka cibuka imiliyoni z’abagabo n’abagore bakoreye igisirikare c’igihugu, rimwe na rimwe bakigura ubuzima bwabo.

Perezida Donald Trump, aho yari i Paris mu Bufaransa yanditse mu butumwa bwa Twitter yavuze ko kwibuka imyaka 100 intambara ya kabiri y’isi irangiye, ari ukwibuka intwari zarwanire Amerika muri iyo ntambara, hamwe n’uwo wese yarwanye kugira igihugu kigire amahoro, gikomere kandi cidegemvye.

Nawe Perezida Barack Obama yahoze arongoye Amerika, mu butumwa bwa Twitter yarashimiye abahoze ku rugamba hamwe n’imiryango yabo, avuga ko abanyamerika bose bashobora kubigirako mu kwerekana umutima wo gukunda igihugu n’abakibamwo.

Muri Reta zunze ubumwe uwo musi uhimbazwa kuri uyu wa mbere kuko itariki ya 11 y’ukwezi kwa cumi kwa kumwe uyo musi mukuru wibukirwako washitse ari mu mpera y’indwi.

XS
SM
MD
LG