Uko wahagera

USA: Imyiyerekano Isaba Gukingira Amatohoza ya Robert Mueller


Abakora imyiyerekano imbere ya White House basaba ko amatohoza ya Robert Mueller akingirwa, Washington, itariki 08/11/2018
Abakora imyiyerekano imbere ya White House basaba ko amatohoza ya Robert Mueller akingirwa, Washington, itariki 08/11/2018

Abakora imyigaragamvyo barakoranye mu bisagara vya Reta zunze ubumwe z’Amerika kuva i New York gushika muri California mu ntumbero yo kugabisha ibiro vy’umukuru w’igihugu White House kutaburizamwo amatohoza ariko arakorwa n’umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu muri 2016.

Imirwi y’abaharanira ihinduka canke aba “Progressifs” mu gifaransa ni bo batunganije izo ngendo inyuma y’aho perezida Donald Trump akuriye mu mabanga umushikiranganji w’ubutungane Jeff Sessions ku musi wa gatatu amusubiriza Matt Whitaker ivy’imfatakibanza. Niwe azokurikiranira hafi amatohoza ya Mueller.

Whitaker yarerekanye aho ahagaze ko adashimishwa n’ayo matohoza agamije kumenya nimba abari mu murwi wafasha Trump kwiyamamaza barakoranye n’Uburusiya canke nimba Trump yaravogereye ubutungane.

Umwe mu batunganije imyiyerekano yabereye hanze y’ibiro White House i Washington DC yavuze ko Whitaker abwirizwa kwanka gukurikirana ayo matohoza kandi Kongere y’Amerika isabwa gukingira ayo matohoza.

Abatunganije iyo myiyerekano ejo kuwa kane baragabisha ko bazosubira mu mabarabara mu gihe Trump yokura mu mabanga icegera c’umushikiranganji w’ubutungane Rod Rosenstein, ariko arakurikiranira hafi ayo matohoza kuva aho Sessions agaragarije ko ata ruhara azobigiramwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG