Uko wahagera

Trump: Ntakwihutisha Gukura Ibihano kuri Koreya ya Ruguru


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump na kizigenza wa Koreya ya ruguru Kim Jong UN i Singapore, itariki 12/06/201

Perezida Donald Trump avuga ko atariko arihuta mu kurondera gushika ku masezerano na Koreya ya ruguru no gukuraho ibihano. Ivyo Trump yabivugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru muri White House ejo kuwa gatatu.

Trump avuga ko we yipfuza ko ibihano bivanwaho ariko yongeyeko ko bizova ku nyifato ya Koreya ya ruguru.

Yabwiye abamenyeshamakuru ko yakoze ibitari bike na Koreya ya ruguru kurusha abamutanguriye kandi ko ategekanya uwundi mubonano na Kim Jong Un mu ntango z’umwaka uza.

Trump yabivuze inyuma y’uko umubonano wari utegekanijwe kuri uyu wa kane hagati y’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo hamwe n’umuhanuzi mukuru wa Kim ari we Kim Yong Chol usibirijwe.

Ibi biganiro vyari kubera i New York vyabonwa na benshi ko kari akaryo ku gutegura uyundi mubonano hagati ya Trump na Kim. Umubonano wa mbere bagiranye wabereye muri Singapore mu kwezi kwa gatandatu.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG