Uko wahagera

AMISOM Yagirizwa Kwica Abanyagihugu Bane muri Somaliya


Inteko za AMISOM zibungabunga amahoro muri Somaliya
Inteko za AMISOM zibungabunga amahoro muri Somaliya

Abategetsi muri Somaliya bariko baratohoza ku rupfu rw’abanyagihugu bane bavugwa ko bishwe n’abasirikare b’umuryango w’ubumwe bwa Afrika bo mu nteko za AMISOM ejo kuwa kabiri, inyuma y’aho bombe yatezwe mw’ibarabara ku modoka y’izo nteko.

Iyo bombe yaturikiye muri distrikte ya Huriwaa mu buraruko bwa Mogadishu, yonona ikamyo ya AMISOM itwara amazi. Abavyiboneye babwiye Ijwi ry’Amerika ko inteko z’ubumwe bwa Afrika zaciye zija kurondera ababikoze, zica abanyagihugu batagira ibirwanisho.

Abategetsi ba reta ya Somaliya baremeza ko iyo bombe yatezwe kandi ko hari abanyagihugu bishwe mu nyuma. Abanyagihugu barenga 100 baciye bihereza amabarabara biyamiriza ubwo bwicanyi kandi basaba ubutungane reta ya Somaliya hamwe n’inteko za AMISOM.

Abarwanyi ba Al-Shabab baremanze ko ari bo bateze iyo bombe kandi bavuga ko hapfuye umusirikare umwe wa AMISOM, ariko ababibonye bavuga ko ata musirikare yishwe babonye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG