Uko wahagera

Amatohoza ku Bishe Jamal Khashoggi Ageze He?


Jamal l Khashoggi
Jamal l Khashoggi

Igihugu ca Turukiya cagiriza Arabiya Sawudite kuba cararungitse abantu bayo muri Istanbul kuzimanganya ibimenyetso ku bwicanyi bwakorewe umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi muri Konsula y’ico gihugu i Istanbul.

Umutegetsi wa Turukiya atashimwe ko izina ryiwe rimenyekana ejo kuwa mbere yashikirije abicishije mu kinyamakuru Sabah cegamiye reta ya Turukiya, ko abahinga mu bijanye n’ivyuka vy’ubumara Ahmad Abdulaziz al-Janobi na Khaled Yahya al-Zahrani bari mu murwi warungitswe na Arabiya Sawudite gutohoza iyicwa rya Khashoggi ryabaye kw’itariki ya 2 ukwezi kwa cumi.

Ikinyamakuru Sabah kivuga ko abo bahinga babiri bagendeye konsula kuva bagishika kw’itariki 11 z’ukwezi kwa cumi gushika itariki 17, hamwe n’abategetsi ba Arabiya Sawudite, abategetsi ba Arabiya sawudite bagiye kwemerera abatohoza ba Turukiya kw’itariki ya 15 z’ukwezi kwa cumi nyene.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG