Uko wahagera

Amerika Yoba Yananiwe Gutuza Abatalibani?


Umusirikare wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ari kumwe n'umusirikare wa Afuganistani ku rubibe rwa Afuganistani mu bumanuko. Itariki 1/07/2009.
Umusirikare wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ari kumwe n'umusirikare wa Afuganistani ku rubibe rwa Afuganistani mu bumanuko. Itariki 1/07/2009.

Reta ya Afughanistani irabandanya gutakaza uturere ku barwanyi b’Abatalibani, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwo kwivuna abansi, mu kuvuga kandi ko Kabul ubu igenzura gusa ibice 56 vy’ama distrikte y’igihugu.

Ibi bitigiri vyerekana ko umukenyuro wafashwe na Perezida Donald Trump kuri Afghanistan, haraheze amezi 14, ata nyishu watanze ku ntambara hagati y’Amerika n’abatalibani.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Abatalibani bari mu biganiro vy’ibanze mu ntumbero yo guhagarika intambara imaze imyaka 17. Ariko nta kiboneka kirava muri ivyo biganiro, kuko intambara ikibandanya.

Urunani mpuzamakungu rurongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika rubandanya gutera amabombe. Mu gihe vyobandanya uko bimeze ubu, umwaka w’2018 woba ubaye umwaka urwo runani ruteyemwo amabombe y’indege menshi kuva iyo ntambara itangura.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG