Uko wahagera

USA: Trump Yoba Afise Ubwoba mu Matora Ku Bibazo vy'Abimukira?


Perezida Donald Trump avuga ku bimukira kandi ashikiriza aho bigeze ku kibazo c'abimukira.
Perezida Donald Trump avuga ku bimukira kandi ashikiriza aho bigeze ku kibazo c'abimukira.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump agaragara ko afise ubwoba ku bimukira batagira ivyangombwa bibemerera kuba mu gihugu, ni mu gihe hasigaye imisi mike ngo mu ndwi iza habe amatora y’abashingamateka kandi asa n’uwugamije gukomeza amategeko kubasaba ubuhungiro muri Amerika.

Uwo mutegetsi w'Amerika ejo kuwa kane yavuze ku kibazo c’abimukira, bigaragara ko arico agira yisunge mu bikorwa vyo kwiyamamaza ku ruhande rw’abo mu mugambwe w’abarepublikane mu matora yo ku musi wa kabiri.

Mu bikorwa vyo kwiyamamaza muri reta ya Florida ku musi wa gatatu, perezida Trump yashikirije ko abademokrate bagomba kuba mu gihugu ibwirizwa shingiro riha uburengenzira abana bavukiye muri Amerika guca bitwa abenegihugu.

Trump muri iyi ndwi yavuze ko ashobora guhindura iyo ngingo mu gusinya itegeko rya perezida, ariko abahinga mu mategeko bavuga ko iyo nzira ishoboka ar’uko bibiri vya gatatu vy’abashingamateka bavyemeje canke atari uko hatumweko inama rukokoma y’amareta yemejwe n’ibice bibiri kuri bitatu vy’amareta 50 agize Amerika.

Abimukira bariko bagana Reta zunze ubumwe z’Amerika baracari ku birometero birenga 1,000 kugira bashike ku rubibe Amerika ihana na Mexike ariko Trump yabise “Abaje gutera igihugu” kandi avuga ko ashobora kurungika abasirikare bashika ku bihumbi 15,000 kubazibira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG