Inyuma y’aho imishikirano y’incuro igira gatanu irangiriye i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ku musi wa mbere, maze umwunganirizi Benjamin Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzaniya agatangaza kw’ar’imishikirano ya nyuma ahagarariye, abarundi batari bake barabandanya gushikiriza ivyiyumviro vyabo kur’iyo mishikirano hamwe no ku cokwirikira:
Frederic Bamvunginyumvira, yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu mu Burundi, ahurikiye mu mugambwe Sahwanya Frodebu yabwiye Ijwi rya Amerika ukuntu yabonye iyo mishikirano, yaganiriye na mugenzi wacu Frederic Nkundikije:
Naho Reta y’Uburundi itari yitavye iyo mishikirano, yarakwirikiranye urwandiko rwashikirijwe n’abari bitavye iyo mishikirano, ahanini batavuga rumwe na reta.
Prosper Ntahorwamiye, avugira reta y'Uburundi aratangura avuga uko reta yabonye urwandiko rwashikirijwe umwunganirizi, Mkapa. Yaganiriye na mugenzi wacu Frederic Nkundikije:
Dr Jean Minani arongoye urunani CNARED rutavuga rumwe na reta y'Uburundi yabwiye Ijwi ry'Amerika ikintu yipfuza kw'abakuru bo mu karere hamwe n'abakuru bo mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika bokora mu gutorera inyishu ibibazo vya politike mu Burundi. Nawe nyene yaganiriye na mugenzi wacu Frederic Nkundikije.
Kubwa Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, igikenewe n'uko abakeneye kurwanira ubutegetsi batahuka bagategurira hamwe n'abandi amatora. Yaganiriye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije.
Mu rwandiko rw'abanyepolitike bari bamaze iminsi bahura na Mkapa basavye ko umuryango w'ubumwe bwa Afurika wofata mu minwe ikibazo c'Abarundi hakongera hakaboneka abahuza bashasha. Abo banyepolitike bagirije Benjamin Mkapa na Yoweri Museveni ko "bafashe minenerwe ikibazo c'Abarundi".
Reta y'Uburundi n'umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, ntibitabiriye ivyo biganiro. Basiguye ko ukwezi kw'icumi ari ukwezi Uburundi bwibukamwo incungu ya Demokarasi, Melchior Ndadaye, n'uwarondeye intahe yo kwikukira, Ludoviko Rwagasore.
Mu kiganiro umuvugizi akongera akaba umunyamabanga mukuru wa Reta y’Uburundi, Prosper Ntahogwamiye, yahaye Ijwi ry'Amerika ku wa kane yari yavuze ko ibizofundikirwa mu biganiro vyasozerewe kuri uno wa mbere bizokwega abavyitabiriye, Reta ataco bizoba biyirabako.
Facebook Forum