Uko wahagera

AMISOM Yarishe Umutegetsi Akomeye wa Al Shabab muri Somaliya


Inteko z’ubumwe bwa Afrika mu gihugu ca Somalia zatangaje zo zishe umutegetsi ajejwe ikigega mu murwi w’intagondwa al-Shabab, ukorana n’umurwi ukora ibitero vy’iterabwoba, Al-Qaida.

Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga Twitter rwandikirwako amakuru, inteko z’Ubumwe bwa Afrika ejo ku musi wa kane, zatangaje kw’umukuru ajejwe gutoza amakori mu ntara ya Shabele mu gihugu ca Somalia, yishwe ku musi wa mbere, aguye mu mutego, igihe yari mu nama ya al-Shaba mu gisagara ca Bairiire.

Umurwi al-Shabab ukura amafaranga mu makori utangisha abanyagihugu bo mu ntara wigaruriye.

Inteko z’ishirahamwe rya Afrika zitangaza kandi kw’abandi barwanyi bo mu murwi al-Shabab bishwe ku musi wa mungu.

Vyitezwe ko izo nteko z’ubumwe bwa Afrika, zigizwe n’ibihugu bitandukanye zizogabanya igitigiri cazo, maze zigashira uruhara rukomeye rwo gucungera umutekano mu minwe y’abasirikare b’igihugu ca Somalia.

Umurwi al-Shabab warigaruriye ibice vyo mu bumanuko no hagati mu gihugu, kandi wama wakoze ibitero ku murwa mukuru w’igihugu ca Somalia.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG