Uko wahagera

Somaliya: Abantu 30 Barapfuye mu Mishamirano y'Amoko


Barafasha uwakomeretse mu mishamirano hagati y'abasirikare ba Somaliya hamwe n'umurwi witwaje ibirwanisho.
Barafasha uwakomeretse mu mishamirano hagati y'abasirikare ba Somaliya hamwe n'umurwi witwaje ibirwanisho.

Abantu bashika kuri 30 barishwe igihe imihari y’abarwanyi idacana uwaka yatana mu mitwe mu ntara ya Sool mu buraruko bwa Somaliya; ivyo bishikirizwa n’abanyagihugu hamwe n’abategetsi ejo ku wa kabiri.

Amakuru ava mu bajejwe amagara y’abantu avuga ko abantu barenga 90 bakomeretse, bamwe muri bo ni abanyagihugu bahitanwe n’amasasu yigenza.

Abdirashid Husein Arab, buramatari w’intara ya Sool, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo mirwano yatewe n’amatati yamyeho yo kurwanira amatongo hamwe n’ibitungwa vy’ubworozi.

Reta ya Somaliya yasavye impande zibiri zihanganye guhagarika intambara no gutangura ibiganiro vy’amahoro.

Uku gutana mu mitwe kubaye mu gihe iyo ntara itari bwakire ingaruka y’uruzuba hamwe n’intambara zahuje intara za Somaliland na Puntland zipfa akarere ka Tukaraq kari ku rubibe zihana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG