Uko wahagera

Nelson Chamisa Asaba Urwego Mfatakibanza muri Zimbabwe


Nelson Chamisa ni we muyobozi w'umugambwe MDC
Nelson Chamisa ni we muyobozi w'umugambwe MDC

Umuyobozi w’umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Zimbabwe, “Movement for Democratic Change”, MDC, mu mpfunyapfunyo, Nelson Chamisa yateye akamo uno musi ku wa kabiri kerekeye ishirwaho ry’urwego mfatakibanza rw’igihugu. Urwo rwego rwoba rujejwe gutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi bitera bikomera kurushiriza mu gihugu.

Nelson Chamisa yagirije Reta ya Prezida Emmerson Mnangagwa ko iriko isaba ingurane z’umurengera kandi ata vyiyumviro ifise vy’ugutorera inyishu ibibazo bikomeye vy’ubutunzi biri mu gihugu.

Chamisa ategekanya kugirisha ikoraniro ku musi wa gatandatu. Abategetsi b’umugambwe wiwe bavuga ko iryo koraniro rizoba ririmwo ukwigana ukurahira kwiwe. Ivyo mu ntumbero y’ukwiyamiriza amatora aherutse muri Zimbabwe yabayemwo amatati.

Paul Mangwana, umutegetsi wo mu mugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe, ZANU-PF, avuga ko ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta bishobora gutangura mu gihe Chamisa yemeye intsinzi ya Mnangagwa.

Inyuma y’uko Robert Mugabe avuye ku butegetsi, abanyazimbabwe batari bake bari bafise icizere ko igihugu cabo cari kigiye kuva mu bibazo kirimwo kigasubira mu nzira y’iterambere. Yamara barazerutse mu gihe ata miti ikibazwa mu bitaro no mu mamangazini agurisha imiti.

Mu misi ya vuba Reta ya Zimbabwe yarafatiye ingingo zikomeye abantu bacuruza amafranga mu buryo bwa magendo ku mabarabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG