Uko wahagera

Turukiya: Abimukira 2 Barapfuye Bazamye mu Mazi


Umukorera bushake arovye umwana w'umuhungu yari mu bwato bwarimwo abimukira bariko bava muri Turukiya.
Umukorera bushake arovye umwana w'umuhungu yari mu bwato bwarimwo abimukira bariko bava muri Turukiya.

Abantu babiri baramenyekanye ko bapfuye ejo kuwa mbere inyuma y’aho ubwato bwari butwaye abimukira bwibiriye ku nkengera z’amazi mu bumanuko bushira uburengero bwa Turukiya, ivyo vyashikirijwe n’abasirikare ba Turukiya bacungera mu mazi.

Abantu 17 barashoboye gutabarwa nkuko bivugwa n’abo basirikare.

Ibikorwa vyo kurondera no gutabara abandi biracabandanya. Ubwo bwato bivugwa ko bwari butwaye abimukira bashika kuri 30, bari mu nzira bagana mw’izinga ry’Ubugiriki rya Kos, nkuko vyashikirijwe na Tereviziyo yo muri Turukiya.

Abategetsi ntibatanze amakuru y’ubwenegihugu bw’abo bimukira. Ariko, Turukiya gihaye indaro abimukira bamuka muri Siriya barenga imiriyoni zitatu hamwe n’abo muri Iraki barenga ibihumbi 300.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG