Uko wahagera

OTAN Yarishe Abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu muri Siriya


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika bo mu nteko za Nato .
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika bo mu nteko za Nato .

Urunani rurongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, OTAN, ruriko rurwanya umuhari wa reta ya kiyisilamu rwaragavye igitero kigira kabiri ku musigiti mu buseruko bwa Siriya mu kiringo kiri munsi y’indwi. Urwo runani ruvuga ko uwo musigiti wakoreshwa n’abo barwanyi mu kugaba ibitero.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika bwabwiye Ijwi ry’Amerika ko ico gitero co ku wa mbere cishe abarwanyi bahora barasa abasirikare b’urwo runani binyegeje muri uyo musigiti uri hafi y’urubibe na Iraki.Uwo musigiti watewe ejo ku wa mbere wari ku birometero bibiri n'igice y’uwundi watewe mu ndwi iheze.

Igihugu ca Siriya kirafise amategeko akingira imisigiti, ariko mu gihe ikoreshejwe nk’ubwihisho bw’abarwanyi b’umuhari wa reta ya kiyisilamu, iyo misigiti ica itakaza uko gukingirwa, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare c’Amerika Colonel Robert Manning ejo kuwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG