Uko wahagera

Paul Biya Yongeye Gutsindira Indi Manda ya Perezida wa Kameruni


Uyu ni Paul BIya watsindiye indi manda yo kuyobora Kameruni. Afite imyaka 85 y'amavuko

Perezida w’igihugu ca Kameruni, Paul Biya, yatsindiye ata ngorane ikindi kiringo c’imyaka indwi uno musi ku wa mbere. Ivyo ni inyuma y'uko urwego rujejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, yashizeho, rwiyamirije dosiye zose z’ukwiyamiriza amatora zashikirijwe n’abakandida batavuga rumwe na Reta. Biya yatsinze n’ibirenga ibice 71 kw’ijana vy’amajwi mu gihe uwo bahiganwa Maurice Kamto yaronse ibice 14 kw’ijana.

Abitegereza ibintu bavuga ko Kameruni igiye kurangwa n’uruhagarara kurushiriza n'iyo Prezida Biya atatangura gutegura kazoza ka Kameruni inyuma y'uko amaze imyaka n’imyaka ku butegetsi.

Inteko za Reta ya Kameruni zari zarungitswe mu bisagara bikomakomeye mu gihugu imbere y'uko ivyavuye mu matora bitangazwa. Ni mu gihe Reta yari yaziririje imyiyerekano n’amakoraniro yose y’abatavuga rumwe na Reta.

Ibitigiri vy’abitavye amatora mu ntara zivuga ururimi rw’icongereza vyari hasi. Igitigiri c’abitavye amatora muri rusangi mu gihugu cose cari ibice 57 kw’ijana. Amatora muri Kameruni yabaye ata ndorerezi z’abanyamahanga zihari nk'uko vyari vyagenze mu matora yabaye mu bihugu vya Kenya na Zimbabwe.

Inteko zari zabonywe ku nyubakwa z’abakandida batavuga rumwe na Reta, Maurice Kamto na Cabral Libii. Abo bakandida basavye abanyakameruni kurwanira uburenganzira bwabo nibarenganywa ku bijanye n’amatora yabaye kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati muri Kameruni, Paul Atanga Nji, avuga ko inteko za Reta zitagenewe gutera ubwoba abanyagihugu. Amenyesha ko ahubwo zigenewe kwubahiriza umutekano w’abanyagihugu kubera abanyapolitike bariko baroha abakiri bato mu mabarabara guhangana n’inzego za Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG