Uko wahagera

Interpol Irafasha Tanzaniya Gushakisha Umutunzi Mohammed Dewji


Umutunzi Mohammed Dewji.
Umutunzi Mohammed Dewji.

Umutunzi wa mbere akiri muto muri Afurika yanyurujwe mu ndwi iheze ari kw’ibarabara riri hafi y’ihoteli ikomeye yo mu gihugu ca Tanzaniya. Yatwawe mu modoka yinjiye muri Tanzaniya ivuye mu gihugu kibanyi, nk’uko abapolisi babitangaje uyu musi ku wa gatanu.

Igipolisi casiguye ko iyo modoka hamwe n’umudereva wayo bamaze kumenyekana, naho batashatse kuvuga igihugu iyo mudoka yaje ivamwo. Ku bwa polisi, vyotuma haba uruhagarara rwa politike hagati y’ibihugu vyombi. Mohammed Dewji afise imyaka 43, yanyurujwe mu ndwi iheze ari ku murwa mukuru Dar-es-Salaam, avuye kwinonora imitsi mu gitondo.

Ikinyamakuru Forbes gikwirikirana amatungo y’abantu kivuga ko umutungo wiwe ungana n’umumiliyaridi umwe n’igice y’amadolari y’abanyamerika. Ni ukuvuga ko aza ku rutonde rwa 17 mu batunzi bose bo muri Afurika. Umuryango wiwe watangaje ko umuntu azotanga amakuru azotuma atorwa, azohabwa agashimwe k’amadolari ibihumbi 440.

Umukuru w’igipolisi ca Tanzaniya, Simon Sirro, yabwiye abamenyeshamakuru I Dar-es-Salaam ko ivyuma vy’umutekano bifata amasanamu, vyerekana aho iyo modoka yaciye, gushika irengane aho ivyo vyuma bishobora kubona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG