Uko wahagera

Ubulaya Bwarahagurukiye Ugukomeza Imbibe Zabwo


Perezida wa Komisiyo y'Ubulaya Donald Tusk avugana na perezida Emmanuel Macron w'Ubufaansa na Chancelier wa Otirishiya Sebastian Kurz
Perezida wa Komisiyo y'Ubulaya Donald Tusk avugana na perezida Emmanuel Macron w'Ubufaansa na Chancelier wa Otirishiya Sebastian Kurz

Abategetsi b’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya bumvikanye uno musi ku wa kane ku migambi y’ugukomeza ugukorana n’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko. Bumvikanye kandi ku vyerekeye gukomeza imbibe z’uwo muryango mu ntumbero y’ukubuza abimukira kwinjira mu Bulaya.

Itangazo ry’inama y’abo bategetsi yabereye i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi rishimikira ku gikorwa nkenerwa c’ugukomeza ugukorana hagati hagati y’ibihugu abimukira baza bavuyemwo hamwe n’ibihugu bacamwo. Abo bategetsi basavye ishirwaho ry’umurwi ujejwe kurwaniriza hamwe abarondera kwinjiza abimukira mu Bulaya.

Abimukira barenga umuliyoni barinjiye mu Bulaya mu mwaka w’i 2015. Benshi muri bo bari bavuye mu bihugu vya Siriya na Iraki bahunze intambara zibiberamwo. Yamara ibitigiri vyaragabanutse cane mu nyuma yaho.

Ibihugu vyo mu Bulaya vyegereye ibahari Mediterane, nk’Ubugiriki, Ubutaliyano na Esipanye, mu bihe vya vuba bibona ko vyarekeranywe igikorwa c’uguhangana vyonyene n’ikibazo c’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG