Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, rimenyesha ko ikiza ca Ebola ciyadukije muri Repubulika iharanira demokrasi ya Kongo atari ikiza gikwiriye gufatirwa ingingo zihutirwa kw’isi. Yamara ishirahamwe OMS ritangaza ko atari ukuvuga ko abaganga badafise impungenge zikomeye cane ku vyerekeye ico kiza.
Ku bw’ishirahamwe OMS, ikiza gitegerezwa gufatirwa ingingo zihuta kw’isi ni ikiza gishobora gukwiragira hanze y’imbibe mu vyotuma amakungu afata ingingo zihutirwa.
Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko iryo shirahamwe ayoboye rikibona ko ukugene ibintu vyifashe muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo ku bijanye na Ebola bigiteye impungenge zikomeye cane.
Ghebreyesus avuga ko bagifise abakozi barenga 250 bariko bakorera muri Kongo kugira bahagarike Ebola, kandi ko ico kiza gishobora gutandukira ibihugu bibanyi vya Kongo. Amenyesha ko bazoguma bari magabo kandi ko bazokomeza uburyo bw’ukwishura kuri ico kiza. Ghebreyesus asigura ko batazogoheka gushika urugamba rw’ukurwanya Ebola rurangiye.
Ishirahamwe OMS rimenyesha ko abategetsi b’u Rwanda na Uganda biteguye hamwe Ebola yotandukira ibihugu vyabo.
Facebook Forum