Uko wahagera

Indege za USA Zishe 60 ba Al Shabab muri Somaliya


Mogadishu, Somalia

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishikiriza ko cishe abarwanyi 60 b’umuhari w’iterabwoba al-Shabab mu gitero c’indege co ku musi wa gatanu hafi y’igisagara Harardhere hagati muri Somaliya.

Mw’itangazo ryashikirijwe kuri uyu wa kabiri, igisirikare c’Amerika gikorera ku mugabane w’Afrika, AFRICOM cavuze ko ico gitero cakozwe bafadikanije na reta ya Somaliya.

Amerika yemeza ko ari igitero gikomeye kuri al-Shabab kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka uheze, aho ikindi gitero c’indege nk'ico cishe abarwanyi ba al shabab bashika 100.

Igisirikare c’Amerika gitangaza ko ata banyagihugu bapfuye canke bakomerekejwe n’ico gitero cabaye kw’igenekerezo rya 12 z’ukwezi kw’icumi.Umuhari Al-Shabab ntaco uracivugaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG