Uko wahagera

USA: Ukuri ku Vyabaye muri Ekleziya Katolika ya Washington


Papa Faransisiko ahoberana na Cardinal emeritus Theodore McCarrick
Papa Faransisiko ahoberana na Cardinal emeritus Theodore McCarrick

Ekleziya Katolika y’i Washington yarasohoye urutonde rw’abahoze bayikorera 28 ivuga ko bagirijwe ivyaha bifatiye ku gitsina kuva mu mwaka w’1948.

Mu rwandiko rwasohowe ejo ku wa mbere, Ekleziya Katolika y’i Washington yavuze ko ari intambwe ikomeye izoshikana ku gushira ahabona ivyabaye, kumenya abavyagirizwa no gukira.

Ekleziya y’i Washington yatanguye kuja mu bibazo kuva aho umwepiskopi mukuru yahoze ayirongoye, Cardinal Theodore McCarrick, yagirijwe kugira imibonano mpuzabitsina n’abana hamwe n’abakuze, aca akurwa muri ayo mabanga mu kwezi kwa gatandatu. McCarrick mu nyuma yaciye atanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG