Uko wahagera

Amnesty na USA Ntibahuza ku Kibazo c'Abimukira


Amnesty International LOGO

Ishirahamwe mpuzamakungu ryiyemeje guharanira agateka ka muntu Amnesty International ryagiriza Reta zunze ubumwe z’Amerika guca kubiri n’uburenganzira bwa kiremwa muntu, mu kwankira abasaba ubuhungiro binjira baca ku rubibe rwo mu bumanuko bw’igihugu.

Raporo yasohotse ejo kuwa kane, Amnesty International iranegura poritike y’Amerika yishimikiza guca kubiri n’amategeko ariko ariko itumbereye kubuza abimukira kwinjira ku butaka bw’Amerika.

Amnesty irega Amerika kandi kuba yasohoye urutonde rutari rwo rw’abana batandukanijwe n’abavyeyi babo igihe binjira muri Amerika hisunzwe iyo poritike.

Reta ya Trump ibicishije ku muvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu hagati Katie Waldman irahakana ibiri muri iyo raporo ya Amnesty mu kuvuga ko iteye kubiri n’ibikorwa vyo gucungera umutekano igihugu kijejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG