Uko wahagera

Igisasu Cishe Uwiyamamariza Ubushingamateka muri Afuganistani


Abantu batwaye ikiziga c'uwahitanwe n'igitero c'iterabwoba i Kabul, muri Afghanistani
Abantu batwaye ikiziga c'uwahitanwe n'igitero c'iterabwoba i Kabul, muri Afghanistani

Igisasu catezwe n’umwiyahuzi mu bumanuko bwa Afghanistani carishe umukandida yariko yiyamamariza kuba umushingamateka hamwe n’abandi bamushigikiye icenda. Ivyo vyabaye ejo kuwa kabiri inyuma y’umusi umwe abarwanyi b’Abatalibani batangaje ko bashobora guhungabanya ayo matora n’ibitero vy’ubwicanyi.

Umuvugizi w’intara ha Helman, Abdul Salam Afghan yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ico gisasu cakomerekeje abantu bashika kuri 15.

Ababonye ivyabaye bavuga ko abapfa bazokwiyongera kuko ngo ikibanza cariko kiberamwo imyiyamamazo cari cuzuye igihe ico gisasu caturika.

Ku musi wa mbere, Abatalibani bategetse abarwanyi babo guhungabanya ibikorwa vy’amatora mu kugaba ibitero ku bategetsi hamwe n’abajejwe umutekano bacungera umutekano w’abatora hamwe n’ibibanza vyo kuzotoreramwo biharurwa mu bihumbi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG