Uko wahagera

USA: Kavanaugh Yiyemeje Kuzokora mu Bwigenge Ataho Yegamiye


Umucamanza mushasha wa sentare nkuru y'Amerika Brett Kavanaugh ashikiriza ijambo inyuka yo kurahirira amabanga imbere y'umukuru w'igihugu, mu biro White House i Washington. Itariki 08/10/2018
Umucamanza mushasha wa sentare nkuru y'Amerika Brett Kavanaugh ashikiriza ijambo inyuka yo kurahirira amabanga imbere y'umukuru w'igihugu, mu biro White House i Washington. Itariki 08/10/2018

Brett Kavanaugh aheruka kwemezwa kuba umucamanza wa sentare nkuru ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeye ko azokora igikorwa ciwe mu bwigenge kandi ataho ahengamiye. Yabishikirije ahejeje kurahirira ayo mabanga ejo kuwa mbere mu biro vy’umukuru w’igihugu White House.

Kavanaugh yatangaje kandi ko bane bose bazomufasha kwandika imanza bazoba abagore, ibitari bwigere biba muri kahise k’iyo sentare.

Mwomenya ko Kavanaugh yari yabanje kurahizwa n’abashingamateka ku musi wa gatandatu, sena ihejeje kumwemeza ku majwi 50 kuri 48, mur’ayo mabanga azomaramwo igihe cose c’ubuzima bwiwe mu gihe azoba agishoboye kuyarangura.

Perezida Donald Trump hamwe n’abo barikumwe mu mugambwe w’Abarepublikani bishimiye ko igenwa ry’umucamanza Kavanaugh rizoha inguvu abanywani b’uwo mugambwe mu matora yimirije yo hagati ya manda yo gutora abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG