Uko wahagera

Senegal Yatowe Kuzotunganya Inkino za Olempike muri 2022


Perezida wa Senegal Macky Sall ashikiriza ijambo mu nama ya komite Olempike i Buenos Aires, muri Argentine, itariki 08/10/2018.

Komite mpuzamakungu y’inkino za Olempike yahisemwo igihugu ca Senegal kuzokwakira inkino z’urwaruka zo mu mwaka wa 2022. Kibaye igihugu ca mbere ku mugabane w’Afrika gitowe gutunganya izo nkino.

Perezida wa Senegal Macky Sall yari muri Argentine aho iryo tangazo ryasohorewe, ahariko harabera inkino za Olempike zo muci zo mu mwaka wa 2018.

Icegera c’umuyobozi wa Komite mpuzamakungu olempike Ugur Erdener yavuze ko Senegal yatowe kuko ubutunzi mur’ico gihugu buriko buratera imbere ugereranije n’ibihugu vya Botswana, Nigeriya na Tuniziya vyariko biharanira gutunganya izo nkino.

Umurundikazi Lydia Nsekera arongore komite nshingwabikorwa y’uwo murwi amenyesha ko Afrika yose izofasha Perezida Macky Sall gutunganya izo nkino.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG