Uko wahagera

Umumenyeshamakuru Khashoggi Yoba Yariciwe muri Ambassade?


Abo bantu bafashe ifoto y'umumenyeshamakuru Kamal Khashoggi waburiwe irengero muri Turkiya.
Abo bantu bafashe ifoto y'umumenyeshamakuru Kamal Khashoggi waburiwe irengero muri Turkiya.

Abategetsi muri Turukiya batanganza ko umumenyeshamakuru ukomoka muri Arabiya Sawudite yari asanzwe aba mu buhungiro muri Amerika, yiciwe mu biro vy’ubuserukizi bwa Arabiya Sawudite i Istanbul mu ndwi iheze. Uwo mumenyeshamakuru, Jamal Khashoggi, yari yagiye kuri ivyo biro gusaba impapuro zijanye n’ubugeni bwiwe yariko aritegurira.

Arabiya Sawudite ivuga ko ivyo vyagirizo ata fatiro bigira naho haheze imisi Jamal Khashoggi, w’imyaka mirongo itanu n’icenda atazwi amaherezo yiwe.

Hatice Cengiz, umukenyezi bari bafise umugambi wo kubakana na Khashoggi, yamurindiriye kw’irembo ry’iyo biro vy’ubuserukizi bwa Arabiya Sawudite ariko ntiyigera asohoka iyo nyubakwa.

Ejo ku musi wa mungu, perezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yabwiye abamenyeshamakuru ko ariko akurikiranira hafi iyo nkuru, kandi ko azoshikiriza amakungu ikizova mu matohoza yayo. Perezida Erdogan, avuga kandi ko yizera Imana ko batazokwisanga mu bibazo batipfuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG