Uko wahagera

Sudani y'Epfo Yanse Sentare Yotohoza Ivyaha vyo mu Ntambara


Perezida wa Sudani y'Ubumanuko Salva Kiir arindiriye gusinya amasezerano y'amahoro n'uwumurwanya i Khartoum, muri Sudani, itariki 27/06/2018.
Perezida wa Sudani y'Ubumanuko Salva Kiir arindiriye gusinya amasezerano y'amahoro n'uwumurwanya i Khartoum, muri Sudani, itariki 27/06/2018.

Umutegetsi wo muri reta ya Sudani y’ubumanuko atangaza ko reta yiwe itemera ishingwa rya sentare nshasha ijejwe gukurikirana ivyaha vyo mu ntambara vyoba vyarabaye mur'ico gihugu. Iyo sentare ni kimwe mu bintu bishobora kugirira akamaro impande zose ziheruka gupfundika amasezerano y’amahoro.

Mu kwezi guheze, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bwasavye bwivuye inyuma ko reta ya Perezida Kiir ishinga iyo sentare nshasha yokorana n’izihasanzwe mu guhana abantu bakora amabi, harimwo n’ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu, bakubitwe intahe mu gahanga.

Iyo sentare yoba igizwe n’abacamanza bo muri Sudani y’ubumanuko bafadikanije n’abahinga mu vyaha vyo mu ntambara, bagacira imanza abantu bokwagirizwa ivyaha vyo mu ntambara. Ivyo navyo bikaba ari ivyaha ivyakozwe mu ntambara hagati y'abenegihugu yari imaze imyaka itanu muri ico gihugu.

Umushikiranganji wa Sudani y’ubumanuko ajejwe kumenyeshamakuru Michael Makuei, yabwiye abamenyeshamakuru mur'iyi ndwi kw’iyo sentare yoba igikoresho c’ibihugu nka Amerika, Ubwongereza na Norvege vyipfuza guhindura ubutegesi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG