Uko wahagera

Ubutaliyano Buzotunganya Inama y'Amahoro kuri Libiya


Umuhari w'abarwanyi b'aba Revolutionaire bo muri Libiya bavuye i Sirte bakirwa n'abanyagihugu Benghazi, Libya, itariki 22/10/2011.
Umuhari w'abarwanyi b'aba Revolutionaire bo muri Libiya bavuye i Sirte bakirwa n'abanyagihugu Benghazi, Libya, itariki 22/10/2011.

Ubutaliyano buzokwakira inama mpuzamakungu kuri Libiya mu kwezi kuza igamije kurondera amahoro mu gihugu cagabuwemwo amareta adacana uwaka.

Umushikiranganji w’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Enzo Moavero Milanesi yatangaje ko iyo nama izoba ku matariki ya 12 na 13 mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Milanesi avuga ko bipfuza gutorera hamwe inyishu kandi intumbero ari amahoro n’ubumwe muvya politike mu gihe Libiya cimirije amatora mu mpera z’umwaka.

Libiya camye mu ndyane zifatiye kuri politike n’imibano kuv’aho Moammar Gadhafi akuriwe ku butegetsi no kwicwa mu mwaka w’2011.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG