Uko wahagera

Koreya: Batanguye Gukura Ibisasu Vyahambwe Hagati y'Urubibe


Ba Perezida ba Koreya uko ari zibiri mu mubonano, i Pyongyang muri Koreya ya ruguru.
Ba Perezida ba Koreya uko ari zibiri mu mubonano, i Pyongyang muri Koreya ya ruguru.

Abasirikare hamwe n’imirwi y’abahinga bava muri Koreya ya Ruguru na Koreya y’epfo ejo kuwa mbere baratanguye gukura ibisasu vyahambwe mu butaka ku rubibe bihana, mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano ivyo bihugu vyemeranije mu kwezi guheze. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Koreya y’epfo.

Gushika ubu ntaco Koreya ya ruguru iratangaza kur’ayo makuru ko inteko zaco zatanguye gushira mu ngiro umugambi wumvikanweko i Pyongyang ku murwa mukuru wa Koreya ya ruguru hagati y'aba perezida ba Koreya uko ari zibiri.

Amakuru atangwa n’abategetsi ba Koreya y’epfo avuga ko ico gikorwa bemeranije ko kizomara imisi mirongo ibiri.

Ayo masezerano yo mu kwezi kw’icenda, arimwo kandi gukura ibirindiro vy’abasirikare hamwe n’ibirwanisho ku mbibe inyuma yo gukura ibisasu vyahambwe mu butaka.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU niryo rihagarikiye ivyo bikorwa kandi naryo rihafise abasirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG