Uko wahagera

Abimukira ba Kameruni Bakoreshwa Bunyamaswa muri Koweti


Umwimukira w'umunya Kameruni afasha bagenzi we, baja mu gisagara ca Evzonoi, mu Bugiriki, itariki 28/02/2015.
Umwimukira w'umunya Kameruni afasha bagenzi we, baja mu gisagara ca Evzonoi, mu Bugiriki, itariki 28/02/2015.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Kameruni ariko arasaba reta gutahukana mu gihugu abimukira b'ico gihugu bavuga ko bariko barakoreshwa bunyamaswa mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati.

Ivyo babisavye inyuma y’aho hagaragariye amasanamu ya videwo yariko arahererekanwa ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana abigeme 14 bamuka muri Kameruni bakoreshwa ibikorwa nk’ivy’abaja muri Koweti.

Inyuma y’ikwirakwizwa ry’ayo masanamu, reta ya Kameruni yashikirije ko abo bimukira bakuwe mur’ivyo bikorwa vy’ubuja, ubu bari mu minwe ya reta ya Koweti.

Igihugu ca Kameruni kigereranya ko coba gifise abanyagihugu baco bashika ku gihumbi bakoreshwa ibikorwa biruhije mu burasirazuba bwo hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG