Uko wahagera

Indoneziya Yemeye Kwakira Imfashanyo Mpuzamakungu


Abakozi b'ubutabazi mu gace ka Palu mu ntara ya Sulawesi muri Indoneziya.
Abakozi b'ubutabazi mu gace ka Palu mu ntara ya Sulawesi muri Indoneziya.

Umukuru w’igihugu ca Indoneziya Joko Widodo yemeye icese kwakira imfashanyo mpuzamakungu zihuta zo gufasha intara yo muri Sulawesi mu gihugu ciwe. Iyo ntara yakubiswe n’ivyaduka bibiri vya nyamugigima n’ingunza y'ikiyaga yiswe Tsunami.

Ibihugu bitandukanye vyarijeje gufasha, n’amashirahamwe mpuzamakungu yariyemeje yongera arashima iyo ngingo yafashwe na Perezida Widodo.

Muri aka kanya iyo ntara irakenye impfungurwa, amazi meza, imiti, uburaro hamwe n’ibitoro. Abategetsi ba Indoneziya batangaje ejo ku musi wa mungu ko igitigiri c’abahitanywe na nyamugigima ari abantu 852. Iyo nyamugigima y’urugero rw’indwi n’ibice bitanu (7.5), ku gipimo cya Richter, yatumye ibisagara vya Palu na Donggala bigira imyuzurire.

Hari amakenga y’uko igitigiri c’abahitanwa n’ingaruka z’ivyo biza gishobora gushika ku bantu ibihumbi n’ibihumbi. Ivyo bikaba bitumwa n’uko abajejwe gutabara imbabare batabasha gushikira aho abantu bari.

Vyiyongeye ku mfashanyo mpuzamakungu, umushikiranganji ajejwe imari wa Indoneziya Mulyani Indrawati yatangaje kuri uno musi wa mbere ko, reta yategekanije gufashisha intara ya Sulawesi imiriyoni 38 z’amadolari y’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG