Mu ntara ya Kirundo, abanyagihugu bo mu karere k’ubuvuzi ka komine Busoni bagira ingendo ndende kugira bashikire ibitaro canke kugira babonane n’umuganga. Barasaba kwegerezwa ibitaro kuko kurwarira canke kurwariza mu Kirundo bitaborohera.
Akarere k’ubuvuzi ka busoni ni kamwe mu burere 4 bw’ubuvuzi bugize intara y’ubuvuzi ya Kirundo. Imitumba 14 igize ako karere isangira amavuriro 9 gusa. Abo bose bakeneye ubuvuzi bwo mu bitaro ntahandi baja atari ku murwa mukuru w’intara.
Abo banyagihugu ntibarira busema kuko ako karere k' ubuvuzi ka Busoni katagira ibitaro gafise abanyagihugu barenga ibihumbi 180 basangiye umuganga umwe gusa arongoye ako karere. Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu buraruko bw'Uburundi Jean Bosco Ndarurinze, niwe yaduteguriye iyi nkuru.
Facebook Forum