Uko wahagera

Erdogan mu Rugendo rwo Kunagura Imigenderanire n'Ubudagi


Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ari kumwe n'umutembukanyi wiwe, Emine, bashitse ku kibuga c'indege i Berlin, mu Budagi, itariki 27/09/2018.

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ejo kuwa kane niho yatangura urugendo rw’imisi itatu mu Budagi, inyuma y’umwaka urenga imigenderanire hagati y’ivyo bihugu isa n’iyahagaze.

Mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru candikira mu gisagara ca Frankfurt mu Budagi, Erdogan yasavye ko imigenderanire yokwongera kunagurwa.

Ihagarikwa ry’Abadagi muri Turukiya batanu niyo yabaye intandaro y’uko gucanamwo hagati y'ivyo bihugu, ku buryo Shanseliye w’Ubudagi Angela Merkel yiteze gusaba ko barekura Abadagi batanu Ubudagi buvuga ko bapfungiwe imvo za politike.

Erdogan bitegekanijwe ko aganira na Merkel mur’iyo misi itatu y’urugendo.

Urugendo rwa Erdogan rubaye mu gihe ubutunzi bwa Turukiya bugeze ahamanuka inyuma y’aho ifaranga ry’ico gihugu ryakorotse gushika ku bice 40 kw’ijana uyu mwaka. Abashikiranganji b’ubutunzi b’Ubudagi na Turukiya barabonanye mu ntango z’ukwezi kw’icenda i Berlin mu biganiro vyashitse no ku mfashanyo y’amafaranga Ubudagi bushobora guha Turukiya

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG