Uko wahagera

Ubufaransa nta Masezerano n'Ibihugu Bidakingira Ibidukikije


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo mu nama ya bose ya 73 ya ONU, i New York, itariki 25/09/2018.
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo mu nama ya bose ya 73 ya ONU, i New York, itariki 25/09/2018.

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yashikirije ejo kuwa kabiri ko Ubufaransa butazongera kwemera amasezerano y’ubudandaji n’ibihugu bitubahiriza amasezerano yo gukingira ibidukikije yapfundikiwe i Paris. Yariko avuga Reta zunze ubumwe z’Amerika, igihugu conyene kitasinye ayo masezerano.

Macron yabitomoreye abamenyeshamakuru ahejeje gushikiriza ijambo ryiwe mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriko irabera i New York.

Yashikirije ko azokwemera amasezerano n’ibisata vy’abikorera utwabo, amahinguriro y’imodokari hamwe n’ay’imiti, mu gihe yubahiriza ibidukikije.

Ubufaransa nta masezerano bwasinye ku gatwe kabwo kuko ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya niryo riganira rikanasinya amasezerano nk’ayo kw’izina ry’ibihugu birigize.

Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bari batanguye ibiganiro ku rudandazwa mu mwaka wa 2016, ariko Amerika yaciye isokora inyuma y’aho Perezida Donald Trump ashikiye ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG