Uko wahagera

ONU: Trump Yiyamye Irani ko Iteza Imirwano mu Karere


Donald Trumo ageza ijambo mu nama rusange ya ONU ya 73.
Donald Trumo ageza ijambo mu nama rusange ya ONU ya 73.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump, avuga ko abategetsi b’igihugu ca Irani bategerezwa guhindura inyifato yabo imbere yuko haba ibiganiro. Yamara yatangaje ko yiteguriye kugirana imigenderanzire myiza na Irani muri kazoza.

Ivyo Perezida Trump yabitangarije abamenyeshamakuru gatoyi imbere yuko ashikiriza ijambo abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi mu nama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Inyuma y'uko agabishije mu mwaka uheze muri urwo rwego kuzimanganya Koreya ya ruguru, abantu benshi bari biteze kwumva ubutumwa ashobora kuzana muri uyu mwaka mu nama nkuru ya ONU.

Kuva ateranye amajambo akarishe n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, icuka kibi hagati y’abo bategetsi caragabanutse bikomeye. Abo bategetsi bompi barahuye kugira baganire ivy’uko Koreya ya ruguru yokuraho ibirwanisho yuhonyanganda vyayo. Muri uyu mwaka, yamara, Perezida Trump yashimikiye ku gihugu ca Irani.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, yatangaje ko Reta ya Prezida Trump iriko ikora kugira itume Irani yigenza nk’igihugu kigendera ku matageko, kandi ihagarika kuba igihugu kiri kw’isonga ry’ibihugu bishigikira iterabwoba mu makungu.

Ambasaderi w'Amerika mw’ishirahamwe ONU, Nikki Haley yarifatiye mu gahanga incuro zitari nke abategetsi ba Irani ku ruhara rwabo rw’uguhungabanya umutekano muri Siriya na Yemen, hamwe n’ugushigikira imirwi y’intagondwa ya Hamas na Hezbollah.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG