Uko wahagera

Amnesty Yagiriza Venezuela Ubwicanyi Ngendera Butungane


Imisaraba iriko abantu batavugarumwe n'ubutegetsi bishwe bari mu myiyerekano yiyamiriza reta ya perezida wa Venezuela Nicolas Maduro i Caracas, Venezuela, itariki 20/07/2017.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryiyemeje guharanira agateka ka muntu, Amnesty International ryagiriza reta ya Nicolas Maduro ivyaha bikomeye ku buzima bwa kiremwa muntu muri kahise ka Venezuela.

Muri Raporo yasohowe ejo kwa kane, Amnesty ivuga ko ibitigiri vy’abantu bishwe mur’ico gihugu co muri Amerika y’ubumanuko birengeye cane ivy’abishwe mu bindi bihugu vyinshi bisanzwe biri mu ntambara.

Iyo raporo ivuga ko abantu 8,292 bakorewe ubwicanyi ndengera butungane hagati y’imyaka ya 2015 na 2017.

Reta ya Venezuela ntaco iravuga kur’iyo raporo.

Ico gihugu cimbura ibitoro, kimaze imyaka itanu mu bibazo vy’ubutunzi. Urwo ruhagarara rwatumye abanyeVenezuela bagira ibibazo vyo kubura ibifungurwa n’imiti, amasinzi y’abantu ahungira mu bihugu bibanyi vyo muri Amerika y’ubumanuko.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abanyaVenezuela barenga imiliyoni zibiri bahunze ibihugu kuva mu mwaka wa 2014.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG