Uko wahagera

Uburusiya na Turukiya Bemeranije Gukingira Abanyagihugu muri Idlib


Ba Perezida w'Uburusiya na Vladimir Putin, ibiryo, n'uwa Turukiya Recep Tayyip Erdogan barindiriye kwinjira gusinya amasezerano. Itariki 17/09/2018.
Ba Perezida w'Uburusiya na Vladimir Putin, ibiryo, n'uwa Turukiya Recep Tayyip Erdogan barindiriye kwinjira gusinya amasezerano. Itariki 17/09/2018.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arashimishwa n’amasezerano yashitsweko ku musi wa mbere hagati y’abakuru b’ibihugu vy’Uburusiya na Turukiya yo guca akarere katarimwo intambara mu ntara ya Idlib muri Siriya.

Antonio Gutters avuga ko ivyo bizokinga ibikorwa vya gisirikare mur'ako karere kandi bikingire ubuzima bw’abanyagihugu baharurwa mu miliyoni zitatu.

Gutteres asaba impande zose zirwana muri Siriya kwumvikana mw’ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano no kworohereza abatanga imfashanyo gushika mu bice vyose baciye mu mabarabara akomakomeye.

Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin hamwe n’uwa Turukiya Recep Tayyip Erdogan bemeranije ku musi wa mbere guca igice kingana n’ibirometero 15 gushika kuri 20 kitazorangwamwo intambara.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Idlib barenga umuliyoni bahungiye mur’ako karere kaciwe. Turukiya, kimaze guha indaro impunzi za Siriya zirenga imiliyoni zitatu bahunga intambara muri Idlib.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG