Uko wahagera

Amnesty Isaba u Rwanda Kurekura Izindi Mbohe za Politike


Ingabire and Kizito
Ingabire and Kizito

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International rivuga ko intambwe yafashwe na reta y’u Rwanda yo gukura mw’ibohero umuyepolitike atavugarumwe n’ubutegetsi Victoire Ingabire hamwe n’umuririmvyi Kizito Mihigo kw’itariki 15 z’ukwezi kw’icenda ari nziza kandi igana mu nzira nziza. Ivyo biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye ejo kuwa kabiri.

Amnesty International ariko isaba reta y’u Rwanda gutera izindi ntambuko mu kwugurura urubuga rwa poritike mu gihugu no gutunganiriza abapfunzwe bose ku rugero rumwe ata kuraba nkunzi, harimwo no gufungura Diane Rwigara yigeze kuba yipfuza guharanira ikibanza ca perezida mu matora ahitiye muri ico gihugu.

Mwomenya ko Victoire Ingabire, umukuru w’umugambwe FDU-Inkingi na Kizito Mihizo bapfunguwe inyuma y'aho perezida atangiye ikigongwe kivunga ku bapfungwa batari bake kw'itariki 15 z'ukwezi kw'icenda 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG