Uko wahagera

Isirayeli Yemeye Kwakira Abanyetiyopiya 1000


Abimukira b'Abanyafrika bahagaze hanze y'ikigo bapfungiwemwo mu bugaragwa bwa Negev, itariki 13/03/2018.

Reta ya Isirayeli yatangaje ejo kuwa mbere ko igiye kuzokwemerera abimukira 1000 b’Abanyetiyopiya muri Isirayeli, igitigiri gito ku banyetiyopiya 8,000 bipfuza kwimukira mur'ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yashikirije ko hari umurwi w’igihugu udasanzwe washinzwe, ari nawo wemereye Abanyetiyopiya baza bafise abana muri Isirayeli kwimukira mur’ico gihugu.

Abasigaye ibihumbi indwi nabo bipfuza kuja muri isirayeli ivyabo ntawuzi uko bigiye kumera.

Ivyo bihumbi umunani vyamuka ku bayahudi bafise amamuko muri Etiyopiya bagoberewe ku nguvu kwinjira mw’idini rukristu haraheze imyaka ishika ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG