Uko wahagera

Amerika Yagabanije Impunzi Yakira


Sekreteri wa reta Mike Pompeo , atanga ikiganiro kubijanye n'impunzi, itariki 17/09/2018, i Washington.

Reta ya Perezida Donald Trump yagabanije ibitigiri vy’impunzi yemerera kwinjira mu gihugu. Sekreteri wa Reta Mike Pompeo yatangaje kuri uyu wa mbere ko impunzi ibihumbi 30 ari zo zizokwakirwa muri Amerika mu mwaka w’2019. Iki ni igitigiri gito cane cemerewe kuva mu mwaka w’1980.

Pompeo yavuze ko Amerika yiteze gutunganiriza impunzi zirenga ibihumbi 30 hamwe n’abasaba ubuhungiro bashika ku bihumbi 280 mu mwaka w’2019.
Yatangaje ko imvo z’umutekano mu gihugu ari zo nyamukuru zitumye haba iryo gabanywa, avuga kandi ko ubuhinga bwahora bukoreshwa mu kugenzura impunzi wasanga bwemerera n’abashobora kuba bafitaniye isano n’iterabwoba.

Mu mwaka wa nyuma w'intwaro ya Perezida Obama, Reta yiwe yakiriye impunzi zishika ku bihumbi 85.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG