Uko wahagera

RDC: Abasirikare Bararwanye n'Abarobeli muri Kivu y'Ubumanuko


Abasirikare ba Kongo (FARDC) bakikuje inzu biketse ko irimwo abarwanyi ba Mai Mai i Mboko, mu bumanuko bwa Kivu y'ubumanuko, itariki 10/11/2009.
Abasirikare ba Kongo (FARDC) bakikuje inzu biketse ko irimwo abarwanyi ba Mai Mai i Mboko, mu bumanuko bwa Kivu y'ubumanuko, itariki 10/11/2009.

Abasirikare ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo ku musi w’Imana baratanye mu mitwe n’abarwanya reta mu buseruko bw’intara ya Kivu y’ubumanuko, nk'uko amakuru ava mu gisirikare n’abanyagihugu abivuga.

Ayo makuru avuga ko abo basirikare ba reta barwanye n’abarwanya reta bahurikiye mu runani Yakutumba, bashigikiye umujenerali atavugarumwe na perezida Joseph Kabila.

Ayo makuru, y’abantu batashatse ko amazina yabo ashirwa ahabona avuga ko abarwanya reta bafashe imitumba itatu yo muri Fizi, intara yo mu bumanuko irwiriyemwo ubutare kandi yamamwo indyanye hagati y’amoko.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo yemeje ko igisirikare catanye mu mitwe n’abayirwanya. Mu kwezi kwa kabiri igisirikare cari catangaje ko cirukanye abarwanyi ba Yakutumba bafashijwe n’igihugu kibanyi c’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG