Uko wahagera

Bamaze Gushika kuri 25 Bahitanwe na Cholera muri Zimbabwe


Ibiharuro vy’abamaze kwicwa n’ikiza ca cholera muri Zimbabwe vyaduze gushika kuri 25. Ivyo vyashikirijwe na reta ejo ku musi wa kane mugihe ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS rivuga ko ico kiza kiriko candukira abantu ku murindi munini ku murwa mukuru Harare.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Obadiah Moyo avuga ko abantu 3,766 bamaze gufatwa, 25 barapfa.

Abategetsi babujije amakoraniro y’abantu benshi ku murwa mukuru Harare mugihe abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bariko barahagarikira ibikorwa vyo gupfuba abapfuye.

Kaminuza y’igihugu ca Zimbabwe, kaminuza ya mbere mu bunini, yunguruje ku wundi musi ibirori vyo gutanga impapuro z’umutsindo vyari bitegekanijwe kuri uyu wa gatanu kubw’ico kiza ca cholera.

Abandi bahagaritse ibikorwa ni abatavuga rumwe n’ubutegetsi bategekanya kwimika umukuru wabo Nelson Chamisa, abanywanyi biwe bavuga ko yibwe amajwi mu matora ahitiye mur’ico gihugu yatsinzwe na Mnangwaga

Cholera yahitiye muri Zimbabwe mu mwaka w’2008 ku ntwaro ya Robert Mugabe yahitanye abantu 4000, abandi bashika ibihumbi 100 barandura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG