Uko wahagera

Kenya Airways Izoguruka i New York Ataho Ihagaze


Indege ya Kompanyi Kenya Airways iriko aragwa i Nairobi
Indege ya Kompanyi Kenya Airways iriko aragwa i Nairobi

Ku ncuro ya mbere, indege y’ikomanyi ya Kenya Airways izogwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca John F Kennedy i New York kuwa 28 ukwezi kw’icumi, umwaka wa 2018.

Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu muri Kenya, James Macharia yavuze ko uyu musi wari witezwe rwose.

Robert Franck Godec, aserukira Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Kenya avuga ko ari igihe kidasanzwe mu mateka y’imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri.

Aya masezerano hagati ya Amerika na Kenya yar’arindiriwe imyaka cumi yose, nkuko vyashikirijwe n'abo bategetsi. Ubu ku kibuga c’indege citiriwe Jomo Kenyatta i Nairobi, impinduka zimwe zimwe ziramaze kwibonekeza.

Parking z’imiduga zasubiwemwo hongera hubakwa izindi nshasha zikoresha ubuhinga bwa none, mbere mu bibanza bimwe bimwe imiduga ntiyemerewe kuhamara iminuta irenga itatu ihahagaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG